Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Joe Rindl
- Igikorwa, BBC Sport journalist
“Ahantu hashobora kubera ibintu vy’ibisigabwenge ni ku kibuga cacu”.
Uwo ni Jude Bellingham agabisha abakinyi ba Arsenal inyuma y’urukino rwa nijoro aho Abarashi ba Arsenal baraye birahiye bikomeye Real Madrid, ibitsindo 3-0, mu rukino rwa mbere rw’inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma muri Champions League/Ligue des champions.
Ku wa gatatu w’indwi iza iyi mirwi izosubira ihure mu rukino rwo gusubiza, ku kibuga ca Real, Santiago Bernabeu, hazoba ari ku wa 16 Ndamukiza (4).
Uru ni rwo rukino rwa mbere Real Madrid ikubiswe ku rugero rukomeye cane mu rukino nk’uru rwo gukuranamwo muri Ligue des champions, aho ifirimbi ya nyuma imaze kuvuga Bellingham yemeye ko vyagaragaye ko umurwi wiwe warushijwe bikomeye.
Uru rukino rugize gatanu Real Madrid itakaje muri iri higanwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Bulaya muri uno mwaka w’inkino.
Iyi ntsinzi ya Arsenal ibaye iya 12 aho mu rukino rwa mbere umurwi wo mu Bwongereza utsinda ibitsindo bitatu canke birenga mu nkino zo gukuranamwo za Ligue des champions, kandi kuva muri kahise, igihe cose bibaye, umurwi wo mu Bwongereza wamye ubandanya gushika mu gice gikurikira.
Ariko nubwo ibintu bimeze uku, uno Mwongereza akina hagati arizigiye ko Real ataho iraja muri iyi Ligue des champions – ihiganwa ifisemwo kahise ko kwerekana ukwivyukiranya mu buryo bw’ibisigabwenge.
Ahavuye isanamu, Reuters
Ahavuye isanamu, Reuters
Mu mwaka w’inkino uheze, hari hasigaye iminota iri ku rushi ngo itahe zirayoye mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma (demi-finale) aho yariko ikina na Bayern Munich, imbere y’uko yivyukiranya mu minota ya nyuma igatera ibitsindo bibiri i Bernabeu.
Haraciye imyaka itatu y’inkino, Real itabawe n’ibitsindo yatsinda ku munota wa nyuma ku kibuga cayo, aho yahura na Chelsea hamwe na Manchester City, bigatuma ishobora kubandanya muri Ligue des champions.
Ico gihe, uno murwi wa Carlo Ancelotti vyarangiye utahukanye igikombe.
“Dukeneye ikintu koko kidasanzwe, ikintu c’igisigabwenge koko”, niko Bellingham yabwiye ikinyamakuru Amazon Prime.
“Dufise iminota 90 mu mupira w’amaguru kandi ikintu ico ari co cose kirashoboka i Bernabeu”.
‘Ntimuhave mwijajara ngo birarangiye kuri Real Madrid’
Muri kahise ka vuba ka ‘remontada’ (ijambo rikunze gukoreshwa mu kuvuga umurwi wivyukiranije inyuma yo gutsindwa urukino rwa mbere) zayo mu nkino zo gukuranamwo, Real Madrid nta na hamwe irigera ikurayo ibitsindo bitatu iba yatewe mu rukino rwa mbere kugira ngo ishobore kubandanya.
Abwiwe ibi inyuma y’aho umurwi wiwe ukubitiwe na Arsenal 3-0, umumenyereza Ancelotti yaritwengeye gusa, abwira Amazon Prime: “Buri gihe hama haba incuro ya mbere, ni ngomwa ko ugerageza.
“Ukwivyukiranya bitangura muri iri joro”.
Ahavuye isanamu, Reuters
Kandi – nk’imvugo imenyerewe cane – Umwongereza Andros Townsend yahoze akina ku ruhande ubu akaba ari umuhinga wa BBC Radio 5 Live, iradiyo yegukira BBC, agabisha abafana ba Arsenal ati “ntimuhave mwijajara ngo birarangiye kuri Real Madrid”.
Ni mu gihe Matthew Upson yahoze akina inyuma muri Arsenal avuga ko “Real Madrid yamye ica mu bihe bigoye, mbere bibi cane gusumba ibi, ariko igashobora kwivyukiranya”.
Eka n’umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta na we nyene asanzwe azi Real kandi ariyubara cane.
Agira ati: “Kugira ngo turengane, ni ngombwa ku tuzotegerezwa kuvyifatamwo neza gusumba i Madrid”.
You can contact us for more informations or ads here [email protected]