Kuva igihe yatsindwa na Borussia Dortmund 4-1 mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma muri 2012-2013 mu nkino nk'izi zo gukuranamwo za Ligue des Champions, ntiyari bwigere itsindwa nk'uku, nk'uko vyaraye biyigendeye kuri Arsenal, 3-0

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu, Kuva igihe yatsindwa na Borussia Dortmund 4-1 mu rukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma muri 2012-2013 mu nkino nk’izi zo gukuranamwo za Ligue des Champions, Real Madrid ntiyari bwigere itsindwa nk’uku, nk’uko vyaraye biyigendeye kuri Arsenal, 3-0

  • Umwanditsi, Joe Rindl
  • Igikorwa, BBC Sport journalist

“Ahantu hashobora kubera ibintu vy’ibisigabwenge ni ku kibuga cacu”.

Uwo ni Jude Bellingham agabisha abakinyi ba Arsenal inyuma y’urukino rwa nijoro aho Abarashi ba Arsenal baraye birahiye bikomeye Real Madrid, ibitsindo 3-0, mu rukino rwa mbere rw’inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma muri Champions League/Ligue des champions.

Ku wa gatatu w’indwi iza iyi mirwi izosubira ihure mu rukino rwo gusubiza, ku kibuga ca Real, Santiago Bernabeu, hazoba ari ku wa 16 Ndamukiza (4).

Uru ni rwo rukino rwa mbere Real Madrid ikubiswe ku rugero rukomeye cane mu rukino nk’uru rwo gukuranamwo muri Ligue des champions, aho ifirimbi ya nyuma imaze kuvuga Bellingham yemeye ko vyagaragaye ko umurwi wiwe warushijwe bikomeye.

You can contact us for more informations or ads here [email protected]